East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newskirundi

Miss Elsa Iradukunda agiye kuburana ataha

Miss Rwanda 2017, Elsa Iradukunda, yarekuwe inyuma y’isomwa ry’ivyavuye mu rubanza rwabaye Ku musi w’ejo, Aho bariko bashaka kumenya ko yoburana afunzwe canke yidegemvya ku vyaha yagirizwa.

Uwo mwigeme akanyamuneza Kari kose, haba kuriwe canke abari baje kumufata mu mugongo muri ivyo bihe bitoroshe.

Ku musi w’ejo ababuranira uwo mwigeme bakaba bari basavye ko urubanza rushirwa mu mwiherero, biremerwa n’abariko baraburanisha urwo rubanza.

Muvyo yagirizwa hakaba harimwo gukoresha impapuro za magendo hamwe no kurondera guhinduza abatangabuhamya.

Uwo mwigeme akaba ivyo yagirizwa vyari vyakozwe ku rubanza rwagirizwamwo uwuvugwamwo kuba Umukunzi wiwe Ari Prince Kid, yarasanzwe arongoye ihiganwa ritegura Miss Rwanda.

Mwomenya ko Miss Elsa atabonye umwigeme n’umwe muba Miss Baja kumushigikira muri urwo rubanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755