footballhomepageInkinokirundi

Neymar ashobora kubangamirwa n’umuzo wa Zinedine Zidane muri PSG

Umumenyereza Zinedine Zidane Ari nka hamwe ngo aramutse yemeye amasezerano ariko ahabwa n’umugwi wo mu bufaransa ngo hari bamwe mu bakinyi bashobora kuhasiga amabwena.

Uwo mumenyereza yahoze amenyereza umugwi wa Real Madrid, kuva kuri uyu wa gatanu ngo amahirwe ni menshi ko ashobora kwemera ayo masezerano, na rirya n’umukuru w’igihugu yamusavye ko yosubira mu bufaransa.

Ariko naho azoba ari umunezero, ngo bishobora kuba ikibazo ku bakinyi bamwe bamwe bo muri uwo mugwi, basanzwe baterekwa ibijanye n’ugukurikiza amategeko, n’ugukunda ikirori.

Nkuko bishikirizwa na bamwe mu barabira hafi Ivy’umupira w’amaguru, ngo umuzo wa Zinedine Zidane muri uwo mugwi, bishobora gutuma Neymar yicarikwa igihe kitari gito.

Iryo yicarikwa na Neymar bakaba barivuga kuko uwo mukinyi ngo asa n’uwutitwarira bikomeye ibijanye n’umubiri wiwe kugira ubashe kumutuma akina neza, ahubwo akikundira ikirori cane, ibituma avyibuha.

Abo barabira hafi Ivy’umupira bakaba banavuga ko uwo mumenyereza ashobora kubikora nkuko yabikoze muri Real Madrid kuri bamwe mu bakinyi b’ibihangange, Kandi ngo nticabujije ko batwara ibikombe bitari bike.

Ubu hakaba hataramenyekana umugwi azomenyereza, kuko uwo ashaka wo utamushaka, nawe uwumushaka asa n’uwutariki arabaraba ryiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 864