footballhomepageInkinokirundi

Neymar ngo ashobora kudasubira gukina muri PSG 

Igihuha kigezweho muri ino misi n’ikinjura rya Neymar muri PSG, akaja mu wundi mugwi utarabasha kumenyekana neza.

Naho atakiratomorwa neza, ngo ibiheruka gushikirizwa na Nasser Al-Khelaïfi asanzwe atwara uwo mugwi, ngo vyoba bitashimishije Neymar asanzwe afitanye amasezerano n’uwo mugwi yo gushika mu mwaka wa 2026.

Inyuma y’aho Nasser avugiye ko umukinyi wese atari mu mugambi bashizeho wa kazoza muri PSG ategerezwa kuzosunikirwa hanze, bikanashonoka ko uwo mugambi uzingiye kuri Mbappe aheruka guhabwa amasezerano mashasha muri uwo mugwi, hatanguye urukurukuru ko Neymar ari mu bazosezererwa.

Uwo mukinyi ngo yoba ashaka gutizwa n’uwo mugwi, agahabwa umugwi wovyipfuza, nayo 2 yo kuri uwo mugabane ikaba imaze kwerekana ko imukeneye, Chelsea na Juventus, naho biriko bikorwa mw’ibanga rikomeye.

Ikiriko kirigwa ngo n’uko Neymar yotizwa, uwo mugwi ata tegeko ko azohava agurwa n’uwo mugwi, naho havugwa amahera angana n’Imiliyoni 50 z’ama Euro zoba zizosabwa uwovyemera.

Naho uwo mukenyuro uriko wigwa uko, ngo hari ikibazo gikomeye c’umushahara wa Neymar, Imiliyoni 3 z’ama Euro, ahabwa buri kwezi, amafaranga adashoboye imigwi yose, aho hataramenyekana neza uwoyatanga, nimba Ari PSG nyene canke uwo mugwi woba wamutijwe.

Abahinga bakaba bavuga ko ari nka hamwe uwo mukenyuro ukunze, ngo rizoba ribaye irya mbere umukinyi Ari ku rugero rwa Neymar akorewe Transfer imeze uko muri ino myaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 864