abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sports

# Indundi Sports | Aigle Noir Cs yaraye inyagiwe na KCCA inyuma yo gukora amateka yo kwuzuza ikibuga Nkurunziza NPPC

Naho umugwi Aigle Noir CS waraye unyanyiwe na KCCA yo mu gihigu c’Ubuganda , uwo mugwi waraye wandikishije amateka y’uko ariwo mugwi wa mbere wo mu Burundi , ufise amateka yo kwuzuza ikibuga  Nkurunziza Peace Park Complex kiri i Makamba .

Hari kuri uyu wa Gatandatu , igenekerezo rya 25 Ruheshi 2022 , aho Umugwi Aigle Noir Cs waraye wuguruye icese ikibuga cawo ca Peace Park Complex kiri I Makamba ahitwa i Gisenyi , inyuma y’imyaka 10 gitanguye kwubakwa.

Kuri uwo musi wo kwugurura witiriwe Finale ya Nkurunziza Cup , uwo mugwi wari watumiye umugwi KCCA wo mu cicaro ca mbere mu buganda, Ibirori vyatangujwe na Défilé y’abantu batandukanye .

Urukino rwarangiye KCCA inyagiye bimwe vyakarorero umugwi Aigle Noir Cs ibitsindo 4–0 , ivyatumye uwo mugwi wandikisha  amateka y’igikombe ca Nkurunziza Cup nuko ariwo mugwi watahukanye ico gikombe ca kabiri , inyuma y’uko ica mbere cari catahukanywe na Messager Ngozi mu mwaka uheze.

Ikibuga Peace Park complex cakira abantu barenga kuri ibihumbi 25,000 cari cuzuye haba mu bwugamwo bw’iteka canke ku mpande z’Ikibuga .

Urukino rukaba rwuguruwe icese na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi ari  kumwe n’umuryango wiwe , abashitsi b’iteka bari bitabiriye ivyo birori akaba ari  Umutambukanyi w’umuhisi Président Nkurunziza ari kumwe n’abana biwe , Umushikiranganji w’inkino , urwaruka n’imicokama , umushikiranganji w’intwaro yo hagati , uwurongoye intara ya Makamba , uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi  , uwuserukira umugambwe CCM uri ku butegetsi mu gihugu ca Tanzania n’abandi batandukanye .

Mwomenya ko abo bose bakiriwe na Honorable Réverien Ndikuriyo asanzwe ariwe yubatse ico kibuga  , yongera kandi ashinga umugwi Aigle Noir Sc, ari n’ Umunyamabanga  mukuru wa CNDD FDD.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321