footballhomepageInkinokirundi

Muri PSG, Messi niwe ashika ku masaha

Muri PSG umugabo ashika ku masaha gusumba abandi ngo ni Lionel Messi, ivyo biheruka gushikirizwa na wa murundi asanzwe asangiye umugwi n’ico gihangange.

Mu kiganiro Thilo kehrer yahaye Jimbere Magazine, yabajijwe umukinyi ashika ku masaha imbere y’abandi, noneho yishura ko Ari Lionel Messi.

S’ico gusa kuko yanavuze ko uwo mukinyi aheruka gushika muri PSG avuye muri FC Barcelona, umugwi yarakinyemwo imyaka itari mike, ngo azokwerekana ibikomeye mu mwaka uza w’inkino.

Thilo Kehrer akaba yameye kuzohora asimbira hano iwacu buri mwaka, naho bitaba vyoroshe muri uwo mugwi akinira, kuko akanya kagora.

Mwomenya ko Thilo Kehrer ari umwe bakinyi bakina inyuma muri uwo mugwi wa PSG, akaba amaze imyaka iriko irababa 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 864