AgricultureBurundiClementinne kavyhomepagekirundi

Amashirahamwe agura ikawa asabwa gutangura kuyigura naho atararonka impusha

Amashirahamwe agura ikawa asabwa gutangura kugura mu maguru masha n’aho ikigo kijejwe gukurikirana ivy’ikawa ARFIC kitaratanga impusha ”licence d’exploitation” kuri ayo mashirahamwe.

Mu nama abajejwe igisata gikurikirana ibijanye n’ikawa mu Burundi “ARFIC” bagirishije abajejwe intwaro mu ntara ya Ngozi yabereye ku murwa mukuru w’iyo ntara kuri uno wa kane igenekerezo rya 21 Ntwarante umwaka w’2019, amashirahamwe asanzwe agura ikawa yasabwe gutangura kuyigura guhera uwu musi n’aho atarashobora kuronka yose impusha zo kuyigura.

Kubwa François Ntambirakaje asanzwe arongoye urunani rw’abarimyi b’ikawa mu ntara ya Ngozi, iyo ngingo yo kurekurira amashirahamwe kugura iyo kawa naho ata mpusha araronka ngo ije hageze kuko mu mice itari mike yo muri iyo ntara ikawa ngo iza yamaze.

Mwomenya ko ingingo yo kurondera impusha zo kugura ikawa ku mashirahamwe asanzwe azigura ko yaheruka gufatwa n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Muganga Domisiyano Ndihokubwayo aho yamenyesha ko umusi wa nyuma wo guhabwa izo mpusha aria ho bukera kuwa 22 Ntwarante.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764