homepageIKIRUNDI_newskirundi

Indyane z’amoko zahitanye 338 muri Ethiopia

Abantu 338 nibo bemezwa na Leta ya Ethiopie ko biciwe mu gitero cabaye mu ntango z’ukwezi kwa 6 mu gace ka Oromia.

Ico gitero cagirijwe abagwanyi bo mu mugwi w’aba Oromia Liberation Army ariko bakabihakana, Nico gitero gihitanye abantu benshi muri ico gihugu kibaye muri iyi myaka iheze, bivuye ku ndyane z’amoko ziri muri ico gihugu.

Abahitanywe n’ico gitero bakaba bava ahanini mu bwoko bw’aba Amhara basanzwe Ari nabo biganje muri ako gace kagabwemwo ico gitero.

Leta ya Ethiopie ikaba yaranse ko haba itohoza ryigenga kuri ubwo bwicanyi, ryasabwe n’abatari bake barimwo n’ishirahamwe ONU.

Naho muri ino misi agahengwe gasa n’akabonetse, agace ka Tigré Kakaba mu myaka 2 iheze haradutse intambara hagati y’igisirikare ca Leta hamwe n’umuhari TPLF ( Tigray People’s Liberation Front) yahitanye abatari bake n’abandi benshi barahunga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755