abakinyi bakina hanzefeatured sportfootballintamba murugambakirundi_Sports

Indundi Sports | Hon Réverien Ndikuriyo yaraye yemeye kugurira abarorerezi b’intamba amatike 100

 

 

inyuma y’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba gutsinda Djibouti ibitsindo 2 kuri 1 , Président D’honneur wa FFB Honorable Réverien Ndikuriyo , nawe nyene yari yishikiye kwirabira  urukino rw’intamba mu rugamba na Djibouti , yaraye yemeye kugurira abarorerezi 100 b’intamba mu rugamba ama ticket yo kwinjira mu kibuga mu rukino rwo gusubiriza ruzoba igenekerezo rya 29 Mukakaro 2022 isaha Icenda ku masaha y’Iburundi ku kibuga citiriwe  Benjamin Mkapa .

Uburundi bukaramuka butsinze urwo rukino buzoca buhura n’igihugu ca Sudani , bugasezera Sudani naho buzoba buronse uburenganzira bwo kwitabira inkino zanyuma za CHAN .

 

 

Mwomenya ko urwo rukino rwari rwitabiriwe n’abarundi batari bake baba mu gisagara ca Dar es Salaam , lbishobora kuba biri muvyatumye abakinyi bacu bavyifatamwo neza .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321