DiasporaAyagezwehodiaspora eventsDiaspora OrganizationshomepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_actualite

Ubwo bazobishobora?

Ngo nta musezi agira iteka , kuja hamwe gushira uburyo n’ubwenge hamwe nivyo bizotuma igihugu c’Uburundi cibagira infashanyo.

Iryo ni rimwe mu majambo menshi umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yakoresheje mu gakangurira aba diaspora kwirinda kuvuga nabi igihugu no kugiterera mw’iterambere, bakarengera ibibatandukanya kuko arizo nzira umwansi acamwwo.

Nyenicubahiro akaba yasavye abo barundi b’ishwi ko bova hasi mu kurwanya ubukene kuko umukene sebuja wiwe ari Shetani.

Sebarundi akaba yabamenyesheje ko atakintu na kimwe cotuma aburundi badatera imbere na rirya igihugu gifise ubutunzi kama bwigenza. Yabahaye akarorero k’igihugu ça Suisse kigereranywa cane n’Uburundi ndetse na kahise kabi tukaba tugasangiye, tukaba tuyisumvya ubutunzi kama, impanvu nyezina adatahura ubukene buhari.

Umukuru w’Igihugu akaba yabasavye ko bomenya kwanza iyo bariko baja hagategurwa neza.

Sebarundi akaba atahishije abo barundi b’Ishwi ivyazingamitse igihugu aho yagarutse ku biturire no kunyuruza itunga rya Reta, akabamenyesha ko kugira igihugu gikire buri murundi wese yari akwiye kwihana no kugira umuziro gukorakora agafaranga katari akiwe.

Ingeso yo gusamarira mu bitagira akamaro ndetse no kuvuga vuga ibiri kuvurwa , nk’umuntu ugahura yafashe umwanya ariko avuga abavuga igifaransa nabi kandi n’ikirundi ataco azi. Ubumwe bw’abarundi bose, gusenyera ku mugozi umwe n’ugushira hamwe ni bimwe mu vyokura Uburundi mu vyabuzingamitse vyo muri kahise.

Mu kurwiza ubutunzi, umukuru w’Igihugu yahamagariye abarundi barangurira imirimo yabo hanze kuvuga neza igihugu no kugihezagira, gushinga amahinguriro mato mato, no guhamagarira abanyamitahe kuyizana mu gihugu.

Mwomenya ko yabakengurukiye ku ntambwe bateye yo kuja hamwe bakagirira imisi mikuru hamwe bakaba baravavanuye n’utudumbi dumbi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759