abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Athletico New Oil yoba igiye guhabwa uruhusha rwo kuja muri Tanzania na FFB

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2022 i Geita mu gihugu ca Tanzania , umugwi Geita Gold uzoba ufise ibirori bidasanzwe vyo kwerekana icese abakinyi bawo bashasha n’abari bahasanzwe umusi witiriwe Geita Day, uwo mugwi waciye ubona akaryo ko gutumira umugwi Athletico New oil w’i Muyinga ari nawo washoboye gufata ikibanza ca kabiri muri Primus League y’umwaka uheze.

Biteganijwe y’uko uwo mugwi Athletico New Oil , ufata urugendo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Myandagaro 2022 mu gitondo.

Uwo mugwi Athletico New Oil warashoboye gusaba uruhusha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi y’uko ryobahindurira amatariki bazokinirako urukino rwabo rwa Primus League ruzobahuza na Kayanza United igenekerezo rya 13 Myanagadaro 2022 ariko gushika ubu FFB ntanyishu irabaha .

 

 

Athletico New Oil Academy ukaba wandikiye FFB  uyibwira y’uko uzoboneka  mu Burundi kuva igenekerezo rya 15 gushika igenekerezo rya 19 Myandagaro 2022.

Geita Gold wafashe ikibanza ca kane muri NBC Premier League ndetse uzokina inkino zo gukurakuranamwo mu nkino z’igikombe ca CAF .

Gushika ubu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , ntiriraha uruhusha uwo mugwi Athletico New Oil Academy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321