Entertainmenthomepagekirundi

Uwuzorongora Amicales des musiciens muri Bujumbura yamenyekanye

Igenekerezo rya 13 Myandagaro 2022 niho hari harindiranywe igishika n’abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi ( amicales des musiciens)mu gutora indongozi zizobaserukira mw’ishami ry’i Bujumbura,bose bakaba bari baserukanye n’iyonka.

Imbere yuko amatora atangura mw’ijambo ryashikirijwe n’uwusanzwe arongowe iryoshirahamwe yavuze ko vuba hagiye Kugururwa amashami atandukanye mu gihugu hagati aramutswa iryo shirahamwe ry’abaririmvyi.

Mu nyuma yahavuye atanga akanya ku baririmvyi bari bishikiye mu kibanza c’amatora kw’itorera indongozi bashaka.

Ni mugihe hari hitoje Arnovic na Masterland,
nubwo Arnovic atigeze ashika mu kibanza catunganijwemwo amatora yari yatumye uwumuserukira ,Kurundi ruhande Masterland akaba yari yishikiye mu kibanza c’amatora.

Abari bategekanijwe gutora barenga 80 ariko abishikiye mukibanza c’amatora n’abatumye ko bobatorera bangana 46.

Masterland akaba yafashe ikibanza ca mbere n’amanota 40
Arnovic n’amanota 6,
Arnovic akaba yanse kuba icegera,
Bizzo Uwezzo yaciye atorwa nk’icegera ciwe
Pamy Queen Secrétaire.

Uko niko amatora yarangiye, bakaba bagiye kurongora mu kiringo c’imyaka itanu n’ukuvuga gushika 2017.

Tubibutse ko abarongoye iryo shirahamwe mu Burundi bwose ari Ndayishimiye Bright icegera ciwe ni Kimana Edith.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769