abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Abazungu b’imigwi ya Aigle Noir Cs na Tigre Noir baje nk’intererano

Albert Samson Besola umumenyereza wa Aigle Noir Cs yamuka muri Espagne

Igihe yariko akorana ikiganiro n’abamenyeshamakuru ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 14 Myandagaro 2021  kuri Tropitel Hotel ku murwa mukuru wa Politique i Gitega , Niyonkuru Domitien icegera c’uwutwara Ikigo Fondation Pax yavuze y’uko abazungu abantu bariko babona mu migwi ya Aigle Noir Cs na Tigre Noir baje nk’intererano bahawe (Sponsors).

Akaba yaragize ati: “mwarabonyeko Aigle Noir Cs ifise umumenyereza w’urundi rukoba mwarabibonye ? birya ni abantu bavuze bati turavye mwebwe ivyo murimwo ni ibintu bifadika ni ukuvuga biboneka , uti muri mu migambi irashe irya rero ni Sponsors twaronse, ni abantu bavuze bati ntangorane mugira. Mugira nitwe twagiye kumurondera muri Espagne? si twe twagiye kumurondera i Barcelona mugabo baravuze bati oyaha mwebwe aho mugeze murakwiye gufatwa mu mugongo baca baraheza baradushikiriza umumenyereza”.

Mwomenyako Aigle Noir Cs wari umugwi ugira kabiri uzanye umumenyereza w’umunyamahanga inyuma ya Flambeau du Centre yo mu ntara ya Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321