BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Senganzi ashobora gukinira ku mugabane w’Uburayi vuba

Abanyaburayi ngo nibaje ku mavi basenge, kuko imbere yuko umwaka wa 2022 uhera ngo barashobora kubona imihezagiro yo kubona kandi Michael Senganzi muri Tour yipfuza gukorerayo.

Ariko nk’uko yabiyagiye Jimbere Magazine mu kiganiro Ibibazo 20, ngo ubu afise umutima n’umubiri mu kindi gikorwa naco asanzwe ategura buri mwaka arico la Caravane du Rire, aho azana abasanzwe batwenza abantu bava mu mihingo itandukanye.

Senganzi avuga ko yipfuza ko hampande y’igiteramo bazokorera i Kigali, ngo yipfuza ko abavuga igifaransa babandaniriza hano iwacu, mu nyuma baje muri Congo babandanye Kinshasa canke Lubumbashi ahazokworoha.

Nayo abasanzwe bavuga icongereza nabo ngo yipfuza ko inyuma ya Kigali babandaniriza muri Uganda, igikorwa kitamworoheye naho asanzwe afise abamufasha batari bake.

Mwomenya ko Senganzi hampande y’ibi bihugu vyacu muri kano karere, amaze gukora uwo mwuga mu bindi bihugu birenga 10 vyo kw’isi birimwo ivyo muri Africa n’ivyo ku mugabane w’Uburayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775