Inyuma yo gutwara igikombe ca Primus League 2021-2022, umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega ugiye gukora umusi mukuru wo kwigina igikombe cawo , umusi bise Flambeau du Centre Day .
Uwo musi mukuru wo kwigina igikombe ca Primus League batwaye uzoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Myandagaro 2022 isaha indwi 13h00 , ku kibuga Ingoma imbere y’uko urukino rw’indwi ya 2 ya Primus league ruzobahuza na Inter Stars ruba .
Igihangange mu muziki ndundi Bizimana Aboubakar Karume batazira Sat-B , niwe azoteramisha abakunzi b’umugwi Flambeau du Centre bazoba bitabiriye urwo rukino.
Umugwi Flambeau du Centre, uzoba ari umugwi ugira 3 uhamagaje Sat-B mu birori vyawo , inyuma ya Aigle Noir Cs na Athletico New Oil Academy .
Ikibuga Ingoma kizokwugurura isaha zitanu zo mugitondo.
Ibiciro akaba ari ibi bikurikira :
– Pourtour : 2000 Fbu
– Tribune : 5000 Fbu
– VIP : 10000 Fbu
Mwomenya ko Sat-B ariwe muririmvyi wa mbere w’Uburundi akurikiranwa cane gusumba abandi baririmvyi b’abarundi.