BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ukugara Fanny Lavine akugarutseko

Uwumaze kuraba ku rubuga rwa YouTube imwe mu mareresi y’abarundi yitwa Umupfakazi, akazina ka Fanny Lavine si akazina kaba ari gashasha kuriwe.

Uwo mukinyi w’amareresi atari make, abamaze kuronka ubushimwe eka nawe nyene adasigaye inyuma, ngo uko abantu bashobora kuba bamwiyumvira ngo si vyo na gato, ivyo uwo mukinyi w’amareresi akaba yabishikirije mu kiganiro aheruka kugirana n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Faxie benshi bazi nka Fanny Lavine akaba yabajijwe ico yibaza ko abantu bamwibazako, avuga ko kubera ukuba atari umuntu avuga cane, abantu bashobora kwibaza ko yoba yishima, agara, ariko ngo si vyo na gato.

Yagize Ati:”Je niyumvira ko abantu biyumvira ngo ndagara kandi atarivyo kubera ko ndahoze. Kubera mpoze baca biyumvira ngo ndagara kandi atarivyo.

Uwo mukinyi muri ico kiganiro nyene akaba yanashikirije ko indoto yari afise agitangura gukina amareresi mu mwaka wa 2018 atarazigerako kuko yipfuza kuba azwi mu mahanga, ariko akabona ko niyabishikako, ngo naho nyene azisanga ashaka ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775