BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kidum yavuze zimwe mu ndoto afise

Nimbona Jean Pierre benshi muzi nka Kidum uno musi ngo afise indoto zitandukanye n’izo yarafise aho ha mbere.

Mu kiganiro na Akeza Webtv, uwo mwanditsi wa Number Moja avuga ko ubu ico yipfuza ari ukubona abarundi baba abari mu gihugu co kimwe n’abari mu mahanga, bahaguruka bakerekana ico bashoboye, bagahagarika kuba abantu baherekeza abandi.

Kidum akaba avuga ko yipfuza kubona abarundi bubaka ibikorwa bikomakomeye nk’ama Restaurant canke ama Hotel aho bari hose kw’isi.

Muri ico kiganiro yagize Ati: “Indoto nsigaranye n’ukubona umurundi yiyemera ahari hose, haba mu gihugu hagati canke hanze. Ukiyemera ukiyempoza, Opportunity zihari nawe ukazifata, s’ukuba imperekeza. Aho muri mugire ama Restaurant mugire amahoteri. Mwiyemere mwiyempoze, muhagarare n’amaguru 2 muvuge muti turi kw’isi twese, opportunity natwe twozirwanira. Ariko kuba turi abarorerezi gusa, ico kirambabaza.”

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775