Abamenyereza babiri bamuka mu gihugu c’Urwanda aribo Muhire Hassan na Camarade Banamwana , bandikiye ikete ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryo gusaba ko nabo nyene bokwitabira ivyirwa vyo kurondera impanyabushobozi ya B itangwa na CAF ( Licence B), maze naryo rirabibemerera.
Camarade umwaka uheze yamenyereje Etoile de l’Est na Gicumbi ariko muri kino gihe nta mugwi afise .
Muhire Hassan nawe yigeze kumenyereza umugwi Bugesera Fc , ariko muri kino gihe ari mu migwi y’abana akaba asanzwe kandi ari umusesanguzi kw’iradio ya B&B FM.
Mu gihugu c’Urwanda haraciye imyaka 7 ata vyirwa vya Licence B za CAF bibaye, abamenyereza benshi bamaze imyaka 8 bafise Licence C gusa.
Mwomenya ko abo bamenyereza bamaze gutangura ivyirwa n’abandi bamenyereza b’abarundi mu kigo c’ubuhinga kiri mu Ngagara ( CTN).