Basketballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Urunani rugiye gukora amateka mu birori vya SISI WENYEWE EVENT

Umugwi Urunani watahukanye igikombe c’ihiganwa rya VIVA Basketball League ku rwego rw’igihugu muri uno mwaka w’i 2022, ugiye gukora ibirori bidasanzwe vyo kwigina ico gikombe no kuzokina  inkino zo gukurakuranamwo za Road to Bal Basketball Africa League ( BAL).

Ivyo birori vyitiriwe izina rya SISI WENYEWE EVENT bizoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Nyakanga 2022 kuri Messe des Officiers ( Nouveau Jardin VIP).

Ivyo ibirori bizoba vyitabiriwe n’abanya muziki bakomye nka Nzigamasabo Vianney batazira Vichou, Kirikou Akili, Double Jay, Trey zo na Rappy Boy, umugwi Redemption Voice, umu Comedien nka Kigingi hamwe na Dj Katlous.

Mwomenya ko kwinjira azoba ari amafaranga ibihumbi bitanu (5.000FB).

_Imeza ya VIP y’abantu 5 uyirihira amafaranga ( 250,000 Bif) ugaca uronka icupa rimwe rya Liqueur canke amacupa abiri ya Vins hamwe na Heineken 10 zingana n’ibinyobwa vya Brarudi mwipfuza n’utwo gufungura.

_Imeza ya VIP Prime y’abantu 5 uyirihira ibihumbu ( 500,000 bif) ukaronka icupa rimwe rya Liqueur na zibiri za Vins, Heineken 15 iri ku rugero rw’ibinyobwa vya Brarundi wipfuza, utwo gufungura n’ibindi bitandukanye,

_Imeza ya VVP y’abantu 7 nayo ni umuriyoni n’igice ( 1.5000.000 Bif), uyironkamwo icupa rya Champagne, irya Liqueur n’amacupa abiri ya Vins, utwo gufungura n’ibindi bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 278