BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Impusha zo kugendesha imiduga 15 ngo nizo zafashwe muri iyi ndwi duhejeje

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko muri iyi ndwi dusozereye kuri uwu w’Imana, abantu bagera kuri batanu aribo batswe impusha z’ukugendesha imiduga, hisunzwe itegeko rishasha ry’umushikiranganji ryongereza ibihano ku bantu bakora amakosa atandukanye ajanye n’ukutubahiriza amategeko yo mw’ibarabara.

Ubushikiranganji bw’umutekano bwemeza ko mu mezi atanu aheze, ni ukuvuga kuva mu kwezi kwa Nyakanga umwaka uheze gushika muri Nzero 2019, habaye amasanganya yo mw’ibarabara arenga igihumbi, ayo nayo akaba yahitanye abantu bagera kw’ijana n’umunani (108), abagera ku 832 nabo barakomereka.

Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza yamenyesheje ko ivyo bitigiri vy’abahura n’amasanganya vyagabanutse agereranije n’igice ca kabiri c’umwaka w’2018.

CP Serges Ntakavura avuga ko kuri ayo masanganya, amwe mu madosiye yamaze gushikirizwa ubutungane : “Kuri ayo masanganya, amadosiye 509 yarakozwe arashikirizwa ubutungane mu gihe amadosiye 488 agitohozwa.”

CP Ntakavura amenyesha kandi ko ayo masanganya agenda aragabanuka, bitewe n’ingingo z’ubushikiranganji bw’umutekano zijanye n’ugufata hamwe n’uguhagarika n’ukwaka impapuro z’ukugendesha imiduga zaje gusahiriza itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764