abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Ferouz Haruna yatanguye anganya na Marine

Umumenyereza w’umurundi Ferouz Haruna amenyereza umugwi Rutsiro Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda yatanguye anganya na Marine Fc inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c’umwaka.

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Nyakanga 2022 aho ihiganwa ryo mu Rwanda ryari ryabandanije ku ndwi yaryo igira 3 aho umugwi Rutsiro Fc umenyerezwa na Ferouz Haruna wari wakiriye umugwi Marine Fc, urukino ruza kurangira iyo migwi inganije igitsindo 1-1.

Umugwi Rutsiro Fc ukaba uri mu kibanza ca 5 n’amanota 4 mu nkino 3 umaze gukina.

Mwomenya ko uwo mugwi Rutsiro Fc wahora ukinamwo umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude Lamba lamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320