abakinyi bakina hanzekirundi_Sports

#Indundi Sports | Umurundikazi Ornella Havyarimana akina Box yinjiye mu gice ca nyuma

Umurundikazi Ornella Havyarimana asanzwe yaserukiye Uburundi mu nkino za boxe za Confederation Africaine boxe ririko ribera i Mputo muri Mozambique ashobora gutahukana umudari w’inzahabu.

Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2022 aho umurundikazi asanzwe akina urukino rwa boxe Ornella Havyarimana yatsinda yorohewe Algeria Souha Miloudi mu kuronka amanota 4 kuri 1 mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma.

Havyarimana Ornella

Mwomenya ko Ornella azoca ahura n’umunya Cameroun Reine Laure mu gice ca nyuma ( Finale) kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2022.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 299