footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Umuryango wa Muyenge Alaxandre watanze akaganuke k’imyambaro y’umupira w’amaguru

Umuryango w’umwubahwa asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre, waraye utanze ibikoresho vy’umupira w’amaguru.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Nyakanga 2022 ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri mw’ikambi rya DCA mu Kigobe , aho umuryango w’umwubahwa asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi wari uramutse utanga imyambaro z’umupira w’amaguru hamwe n’imipira yo gukinisha ku rwaruka rwagiye hamwe muri Coperative “Ahabizi” mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa basanzwe bakora nko gukurikirana urwaruka ( Encadrement des jeunes) hamwe n’ibindi vyo kwiteza imbere.

Uwo muryango ukaba wari userukiwe n’umutambukanyi w’uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Ange Denise Kamere hamwe n’abana biwe.

Mw’ijambo Ange Denise Kamere yashikirije, yavuze y’uko intumbero yabo ari iyo guhimiriza urwaruka kugira rukunde inkino nk’uko babivuze mu muryango wabo, aho biyumviriye kuza bahimiriza urwaruka kugirango ruze rurinonora imitsi kuko inkino ziri mu bintu bigize amagara y’umuntu.

Mwomenya ko itangwa ry’ivyo bikoresho ryaherekejwe n’urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje abasanzwe bahurikiye muri iyo Coperative Abahizi harimwo n’umwana w’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Muyenge Fabrice, aho wewe yari mw’igori asama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314