EntertainmentAkes Donentertainment PromotedhomepagemusicPassportpromotedSaido BerahinoTabac

Masterland iki nico catumye igiteramo “EGO” cigizwa inyuma

Kubwa Masterland igiteramo cobaye kuwa 21 Ndamukiza cungurujwe kwitariki itaramenyekana nk’uko abishikiriza.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2019 niho uwusazwe arongoye inzu y’ubuhinyanyuzi bw’indirimbo yatanganza ko igiteramo “EGO” cobereye kuri  Lacost Beach cungurujwe n’ imvo zatumye  c’unguruzwa. Akaba avuga ko imvo nyamukuru zatumye cunguruzwa ko aruko ivyo bemereye abakunzi b’umuziki bitarashobora kuboneka vyose ariko ngo imyiteguro y’ico giteramo irenga ibice mirongo itandatu kw’ijana (60%) iza imaze gutunganywa neza, akaba yanagiriyeko amenyesha ko isango cungururijweko azoyimenyesha mu misi iri imbere.

Masterland akaba  atanganje ivyo inyuma yo kuvuga ko asaba bamutoze umuririmvyi wo mu gihugu kibanyi ca Tanzania yotumira hagati ya Nandy (African the Princess) na Baranaba (The classic).

Mwomenya ko abamaze kumenyekana ko bazoba bari muri ico giteramo co gushira ahabona album kuri Lacosta Beach  ari Sat B hamwe Vichou P6 and Love.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723