BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b yagiye gusaba imigisha ku Muvyeyi wiwe Amir Pro

SAT-B ngo ntivyari gukunda ko umuvyeyi wiwe Amir Pro areka guhezagiza indirimbo n’imwe mu ziri muri album ariko arakora.

Naho hataramenyekana neza igitigiri canke urutonde rw’indirimbo zizoba ziri muri urwo rukurikirane, bamwe mu bazoba bari muri urwo rukurikirane bo baramaze kumenyekana, akaba ari nka Double Jay aheruka kubishikiriza kuri Instagram yiwe, aho yariko yishura ibibazo vy’abafana.

Iyo album ikaba izoba ije ikurikira Romantic Sound yasohotse muri 2020, Album yarimwo indirimbo yamwinjije mu muryango w’abafise indirimbo zimaze gukwiza Views 1,000,000 ariyo Beautiful yakoranye na Meddy uno musi imaze kurabwa incuro zirenga 3,700,000 kuri YouTube yiwe, ikaba iza mu kibanza ca 1 c’izimaze kurabwa cane.

Ubu tukibaza rero umuririmvyi w’igihangange wundi, azoboneka muri iyo Album, canke indirimbo izoba irimwo izoserukira izindi mu kumenyekana cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775