Burundihomepagekirundi

Abatware bamwe bamwe bagiye kurihishwa kuri Twitter

Imbuga za Twitter z’abategetsi bamwe bamwe nk’urw’Umukuru w’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, urwa Willy Nyamitwe co kimwe n’urw’umugambwe CNDD FDD zishobora gutangura kurihishwa amafaranga, kugira zigumane ibintu bimwe bimwe.

Mu misi mike cane urubuga rwa Twitter ruguzwe n’umunyamafaranga akomoka mu gihugu ca Afrika y’epfo ariwe Elon Musk, ngo rugiye gutangura kurihisha abantu kuri urwo rubuga.

Amafaranga azosabwa n’ayangana n’$19,99 ( yababa 60,000fbu) buri kwezi ku bakoresha urwo rubuga, bahawe iharama ryerekana ko ariwe nyene arukoresha, ico bita mu kinyamazuru Bleu tik.

Ico kinyamakuru kikaba kivuga ko abari bamaze guhabwa izo Bleu tik bazohabwa amezi 3 ngo babe barishe, ataruko bazoca bazakwa.

Naho ayo makuru ataremezwa n’uburongozi bushasha bwa Twitter, ikinyamakuru The verge co kimenyesha ko hari igisata kimwe c’abakozi ba Twitter bahawe gushika itariki 7/11 ngo bazobe bashizeho uko abantu bazoza barariha ayo mafaranga, ataruko ngo bazoca baraba inzira yabazanye.

Kuri ico giciro, ngo Twitter izoca iha abarishe bose akaryo ko gukoresha izindi fonctionalite zahora zikoreshwa n’abari mu muce wa Twitter Blue. Uwu muce ukaba wahora ukoreshwa n’abafise amashirahamwe Kandi nabo bakaba bahora bariha $4,99 yababa 15,000 vya hano iwacu.

Hano iwacu rero akaba atari benshi bagafise, abo twabashije kubona n’urubuga rw’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, urw’umuserukizi w’uburundi muri Ethiopie Willy Nyamitwe, urw’umugambwe CNDD FDD.

Iyo ngingo ikaba ishobora guca ihagarika urugendo kuri bamwe bamwe mu ndongozi hano iwacu basanzwe bakoresha izo mbuga, rwo gusaba ko bashirirwako iryo harama, ubona ko bitari binoroshe kukaronka.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764