Umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange abandanya atera imbere uko bukeye uko bwije .
Inyuma y’imisi itatu iheze ateretsemwo igitsindo mu rukino rw’ihiganwa rikuru ryo muri Turquie , yaraye asubiye kandi gutsinda igitsindo mu rukino rwa UEFA Conférence League rwaraye rubahuje na Hearts .
Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 03 Munyonyo 2022 , niho umugwi Instabul Basaksehir ukinamwo Ndayishimiye Youssuf wakina urukino rw’indwi yanyuma y’ihiganwa rya UEFA CONFÉRENCE LEAGUE aho bahuye n’umugwi Hearts wo muri Ecosse bawutsinda ibitsindo 3-1 , ivyaciye bibaha uburenganzira bwo kwinjira mu gice 1/8 gishira icanyuma .
Youssuf Nyange vyamutwaye iminota 4 gusa kugira yinjirize umugwi Istanbul Basaksehir igitsindo ca mbere ivyaciye bituma uwo mukinyi atsinda igitsindo ciwe ca 2 muri iryo higanwa rya UEFA CONFÉRENCE LEAGUE .
Instabul ikaba yaciye irangiza inkino zo mumatsinda ariyo ifata ikibanza ca mbere n’amanota 13 bakaba banganya na Fiorentina ariko bivanye n’uko Istanbul yatsinze Fiorentina ibitsindo 3-0 mu rukino rwibanze nayo Fiorentina ibatsinda ibitsindo 2-1 mu rwogusubiriza , vyaciye biha amahirwe Instabul Basaksehir gufata ikibanza ca mbere .
Ntawutoshima urugero rw’uwo mukinyi w’intamba mu rugamba muri ino misi ariko aratuma ibendera ry’igihugu rihungabana mu mahanga mu gutsinda ibitsindo kandi ari umukinyi w’inyuma.