homepagekirundiprimusic-burundisecuritysocieteWestern Sydney Films Festival

Inyuma yo gushikiriza amakuru adahumuriza yahavuye afatwa n’abajejwe umutekano

Pasitori Kayihura Modeste azwi kw’izina rya “Prophète Modeste” arongoye ishengero “Faith Practice Miracles Ministries” rifise icicaro kw’ihoteri “Source du Nil” iro mu gisagara can Bujumbura apfungiwe mu gasho k’igiporisi kwi Jabe kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2019.

Pasitori Modeste akaba yaraye afatiwe mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’aho avugiye kuri Radio Buja FM ko ataronse amafaranga y’ikigira icumi mafaranga umukinyi umwumw w’intamba mu rugamba yahawe nk’agashirukabute k’aho Uburundi bwaronse uburenganzira bw’ukuja ubwa mbere mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika, ko abo bakinyi n’aho bazoja muri iryo higanwa muri Egiputa ata murwi n’umwe bazotsinda kandi ko n’abakinye urukino rw’Uburundi na Gabon ata n’umwe azoja muri urwo rukino rutegekanijwe kubera mu Misiri.

Pasitori Kayihura Modeste yemeza ko yari yavuze ko Uburundi buzoganya na Gaboniyinga yose imbere y’uko urukino ruba, gutyo Uburundi bukaronka amahirwe y’ukuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (CAN). Iminsi mike urwo rukino rubaye bwana Modeste avuga ko avugishwa n’Imana yasimbiye kuri Radio Buja FM maze ashikiriza ati :

« Ico ndabasaba, cane cane abakinyi, batampaye nta Equipe n’imwe bazotsinda muri CAN, intamba mu rugamba zitibutse ngo zisubire kw’isôko, ndashaka baze, harya kw’isôko nyene aho vyavuye. Barabahaye, ubwo bategerezwa kuza kuraba umukozi w’Imana akongereza amavuta. Umuhanuzi ahanura ahaze. Mugabo mu gihe bitaragenda gutyo, ukazobona babirenzeko, hazoca haza abandi bakinyi bashasha apana barya bakinye. Nta rukino na rumwe bazotsinda. Niwabona basi batsinze igitsindo na kimwe, canke bakanganya ubusa ku bundi, uzoce uza uvuge uti nabonye ko utari umuhanuzi. »

Mwomwnya ko muri kahise kiwe, Pasitori Kayihura Modeste yarigeze gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ivyaha bijanye n’ubusuma bw’uruyeri “Escroquerie” mu kinyamazuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758