Entertainmenthomepagekirundi

Esther Nish Ep yiwe Luminary isigaje indirimbo 2 gusa

Umuririmvyikazi Nish mwakunze mu ndirimbo zitandukanye nka Umbamwo yaririmbanye na Kidum,ikaba ari nayo yatumye amenyekana cane nkuko wenyene yama avyivugira.

 

Benshi bamukundira ukuntu azi kuvuza ibicurarangisho bitandukanye na cane cane Guitar.

Kuvaho yamenyekaniye yabandanije ashira umwete mu kazi kiwe ibikorwa vyiwe vyabandanije bisohokera igihe.

Haraciye igihe kitari gito ahamagarira abakunzi biwe kurindira Ep yiwe yise Luminary, ntiyatevye
Yaciye abikora nkuko yari yabibabwiye asohora indirimbo imwimwe muzigize Ep.

Yatanguye na “Tworukomeza” hakurikira “Akadawa” hama “Mute”
Izo nizo ndirimbo Zitatu zimaze gusoha mu ndirimbo zitanu(5) yatweretse zizoba zigize iyo Ep yiwe.

Indirimbo 2 nizo zisigaye kugira Ep yose ije kumugaragaro
Indirimbo yise” Continiwe” na “Uwabantu” nizodusigaje kwumviriza.

Tubandanye tumushigikira mu kwunviriza no gukwiza hose izo Zitatu mukurindira izo zindi nubwo atarashima kutumenyesha niryari zizosohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769