Basketballfootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | CRDB CUP : Umukinyi wa Dynamo yahanywe

 

Umukinyi w’umugwi Dynamo Mamadou Dioume yahanywe na FEBABU.

Hari ku musi wa gatatu uheze igenekerezo rya 04 Munyonyo 2022 , niho umugwi New Star wahura n’umugwi Dynamo mu rukino rw’igikombe ca CRDB CUP catunganijwe n’ibanki CRDB mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 10 iriko ikorera kubutaka bw’uburundi .

Muri urwo rukino harabaye impari zidasanzwe gushikaho n’abakinyi ba New Star basohoka mu kibuga inyuma yo kwagiriza umuhagarikizi yarariko ahagarikira urwo rukino ko ariko aryamira kuruhande rw’ Umurwi Dynamo mu nyuma New Star yahavuye igaruka mu kibuga irangiza urukino .

Muri urwo rukino hari umukinyi wa Dynamo Mamadou Dioume atigeze yerekana inyifato nziza mu gukoresha ishavu rirenze , aho yakubise igipfunsi umukinyi wa New Star Hervé Nsabimana ibintu bitigeze biryohera abari bishikiye kwirabira urwo rukino .

kubwivyo rero vyaciye Mama Dioume yamuka muri Sènégal ahanishwa kudakina inkino zibiri umurwi wiwe wimirije gukina hama azosubira kandi atange ihadabu ry’ibihumbi jana ( 100.000 Fb) nkuko bivurwa mw’itegako rya 14 agace k’indwi mu mategeko agenga amahiganwa ya FEBABU abitegekanya.

Mwomenyako Umugwi Dynamo BBC watsinze New Star BBC ku manota 64 kuri 61 .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 317