BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Miss Lauria yoba yari kwanka Kwambara Bikini?

Wa mwambaro wa Miss Lauria muri Miss Earth watangiwe umuco n’umwe mu begereye abo bigeme. Hamenyekanye amakosa yakozwe, inzira vyari gufata, ico yari kwirinda, co kimwe n’ikibuze ngo amakosa nk’ayo ntasubire gukorwa.

Inkuru igize imisi iriko iravugwa ni umwambaro wa Miss Lauria mw’ihiganwa rya Miss Earth, aho uwo mwambaro utarabwe ryiza n’ubushikiranganji bw’Urwaruka inkino n’imicokama.

Mu ruhererekane rw’amakuru avugwa kuri uwo mwambaro, twashatse kumenya vyukuri uko bikorwa mu mahiganwa nk’ayo, nimba yari afise ubushobozi bwo kubihakana, mbere n’ico uwo mwambaro ubasha kumwungura canke ubasha kwica mu rugendo rw’ugukorera amanota muri iryo higanwa.

Twabashije kuronka amakuru yo mw’ibanga twahawe n’umwe mu basanzwe bakorera hafi y’abategura n’abarungika abantu mu mahiganwa nk’arya, aho yaduhanyuriye ku kuri kw’ibibera muri arya mahiganwa.

Twashatse kumenya nimba urya mwambaro ari itegeko ngo wambarwe mu mahiganwa, iryo soko ryacu ryatubwiye ko ata wuguhatira kwambara uwo mwambaro, ariko ko kutawambara bituma utakaza amanota muri iryo higanwa kuko ngo buri gikorwa cose bakoze kiba gifise amanota gitangirwako muri iryo higanwa.

Iryo soko ryacu kandi ryaduhaye amakuru rikaba ryaduhaye akarorero k’abigeme bava mu bihugu vy’abarabu bija muri ayo mahiganwa batageza kwikoza muri umwambaro wo ku mazi, kuko bo bashikiriza ko ibihugu vyabo atariko umuco umeze.

Iryo soko ryacu kandi rikaba ryatubwiye ko ibiheruka gushikira umwigeme Miss Lauria ngo vyoba vyashitse kubera ukutamenyera amahiganwa nk’ayo, noneho ngo amemye ivyo arekurirwa n’amategeko agenga amahiganwa nk’ayo, kuko kubw’iryo soko ryacu ngo uwo mwigeme yari gushobora gusaba ko ahabwa akandi gahuzu ashira hejuru kandi ngo yari kuvyemererwa.

Uwo mwigeme kandi ngo ashobora kuba yagize ikibazo c’ukuba adafise umujenama (Coach) hafi yiwe, kuko uwo ariwe aba azi vyinshi noneho akakubwira uko ibintu bihagaze, n’uko bigenda.

Uwo muntu nawe kenshi ukaba usanga uba umwifitiye canke ukamurondererwa n’abo muba mukorana, canke ugasanga Agence mukorana ikwereka inzira zija muri ayo mahiganwa ariyo ikubereye umu Coach.

Iryo soko ryacu kandi rikaba ryatubwiye ko kubwaryo uwo mwigeme yari akwiye gusaba imbabazi akavuga ukuri, kuko vyukuri biboneka ko amakosa yakozwe yakozwe atari kubushake bwiwe.

Iryo soko ryacu rikaba ribona ko ukwo gusaba imbabazi bishobora kumufasha kugira abashe kubandanya ashigikirwa haba n’igihugu canke abikorera utwabo basabwa ama sponsor mu bikorwa nk’ivyo.

Ikindi iryo soko ryacu ryatubwiye n’uko uwo mwigeme ashobora kandi kuba yarajanye n’uko abantu bo kuri Internet bavuga, aho bakubwira ko bagushigikiye ngo ubandanye, ariko kubw’iryo soko ryacu ngo iceyi canke isura mbi iguma kuriwe.

Iryo soko ryacu rikaba ryasavye abantu kudafatira cane ku biba biriko biravugwa kuri izo mbuga ngurukanabumenyi kuko kenshi bagufasha kuwucana ugasigara urawota wenyene.

Mukibuka ko Ubushikiranganji bw’Urwaruka bumaze kwerekana aho buhagaze kuri uwo mwambaro, abatari bake batavuze rumwe nabwo kuko babona ko uwo mwigeme atagiye mw’ihiganwa ry’umuco ahubwo yagiye muvy’ubwiza. Abandi nabo bakaba babona ko Ubushikiranganji bufise ibindi bihanze ico gisata vyari kubanza gukemurwa imbere yuko baraba ivy’uwo mwigeme abarizwa muri Philippines muri kino gihe.

Musitanteri wa Komine Mukaza nawe ku rubuga rwa Twitter rukurikiranwa n’abagera ku 20,000 akaba we kubwiwe icokorwa ari uko abo bigeme bari bakwiye kwiyegerezwa ahubwo bagakurikiranwa, hako biyamirizwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775