Abanonotsi 5 bari bamaze imisi bari mw’ihiganwa ryo kwoga ( Natation) ryariko ribera mu gihugu ca Tanzania baraye batahutse mu Burundi .
Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Munyonyo 2022 , aho abanonotsi 5 b’abarundi bari bamaze imisi bari mw’ihiganwa ryo kwoga ry’akarere ka gatatu ( zone 3) baraye batahutse bavuye mu gihugu ca Tanzania .
Muri iryo higanwa abanonotsi b’abarundi berekanye ishaka n’ingonga zidasanzwe kuko mu nkino 62 barashoboye gutahukana imidari 20, harimwo itatu y’inzahabu .
Abo banonotsi batwaye ikibanza ca 6 mu bihugu 10 vyari vyashoboye guhiganwa muri ico gihigu ca Tanzania .
Basogomba Cassien arongoye ishirahamwe ryo kwoga mu Burundi , avuga ko ari iteka abo banonotsi babateye basubira kandi bararyitera.
Basogomba Cassien , asubira kandi agasaba Reta ko yoza ifata inkino zose kumwe kuko imidari bayizana nkuko abandi bayizana , ngo biratanganje kubona ata n’umwe yigeze abaterera n’agafanta, Basogomba arongera akavuga ko ishirahamwe ryiwe ryamusavye ko botunganya izo nkino mu Burundi, ariko intambamyi sinke .
Mu kurangiza yashimiye abantu bose bagize ico bafashije kugira abo bana bashobore guserukira igihugu harimwo n’abavyeyi babo .
Mwomenya ko iryo higanwa ryo kwoga ryama riba buri umwaka .