Judokirundi_Sports

# Indundi Sports | Abakinyi ba Judo batahukanye imudari y’inzahabu n’ifeza muri Cameroun na Sénégal batahutse

Abakinyi 2 b’abarundi bakina Judo bari baserukiye igihugu mu mahiganwa ya African Open baraye batahutse.

 

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022 , niho abakinyi babiri b’abarundi bakina Judo bari baserukiye igihugu c’Uburundi mu nkino za African Open zariko zibera muri Sénégal na Yaoundé baraye batahutse.

Abo bakinyi baje batahukanye imidari 4 , muri uyo hakaba harimwo 2 y’inzahabu hamwe n’iyindi 2 y’ifeza ,baca bongera bafata ikibanza c’i9 mu bihugu 27 harimwo America naza Serbie .

 

Inganji Raoul Brillant umwe mu bakinyi bari baserukiye igihugu muri izo nkino avuga ko bagiye gukomeza gukora cane kugira umwimbu ube mwiza .

Naho umukinyi Signoline Kanyamuneza nawe yari yaserukiye Uburundi muri ayo mahiganwa avuga ko ariko akora uko ashoboye kugira aronke amanota yo kuja mu mahiganwa ya Jeux Olympic azobera mu bufaransa mu mwaka w’i 2023 .

Umumenyereza Munezero Antoinette  avuga ko baguma bamubaza aho abakinyi biwe bimenyereza bivanye n’ubutwari berekanye muri izo nkino, kuko bababonamwo akazoza , Antoinette yanashoboye kuvuga ico bagiye gukora mu misi iri mbere n’ico basaba kugira barabe ko boronka amanota yo kuja mu nkino za Jeux Olympic.

 

 

Ntezindagano Phocas nawe asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa Judo , avuga ko babandanya bakora imyimenyerezo muri Judo bivanye no kwitegurira amahiganwa atandukanye .

Phocas yanaboneyeho akaryo ko gukengurukira ababafashije harimwo Reta y’Uburundi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275