abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Road to Bal Elite 16: Urunani BBC yaraye itsinze KPA yo muri Kenya

 

Umugwi w’Urunani waraye utsinze umugwi wa KPA wo muri Kenya muri ya mahiganwa ya Road to Bal Elite 16 ariko abera mu gisagara ca Johanesbourg mu gihugu ca Africa y’epfo.

 

 

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022 , aho umugwi Urunani wari uramutse utana mu mitwe n’umugwi wa KPA wo mu gihugu ca Kenya . urwo rukino rwarangiye Urunani rutsinze KPA ku manota 72 kuri 43 .

Urwo rukaba rwari urukino rwa mbere urunani ikinye , urukino rugira kabiri iza kurikira kuri uyu wa gatatu igenekerezo 23 n’umugwi wa NBA Academy .

Mwomenyako Urunani ruri mu mugwi A , bari kumwe na KPA yo muri Kenya , NBA Africa , hamwe na Cap Town Tigers .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301