BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ami Pro ngo murabe maso

Abiyitirira abandi ngo bamaze kuba benshi ku mbuga ngurikanabumenyi, Ami pro nawe akaba yamaze kwinjira muri ico gitigiri aho yanditse asaba abantu ngo babe maso.

 

 

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo mumenyeshamakuru wa Buja FM yahamagariye abamukurikirana kuba maso kuko hari abantu bariko barandikira abandi kuri Facebook biyitirira izina ryiwe.

Ami muri ubwo butumwa yasangije bamukurikirana yavuze ko we atandikira uwo akaneye akoresheje Facebook, ahubwo ngo akoresha imbuga zindi nka Instagram, canke WhatsApp.

Ami akaba yaciye atanga amazina akoresha kuri izo mbuga, aho yavuze ko kuri Face yitwa Heros amissi, kuri Instagram akitwa Amipron The MC.

Ubwo butumwa bwa Ami Pro bukaba bwavuga Buti : ” Mwaramutse ncuti zanje, Hari abantu biharaje kubesha abantu, mu gukoresha ama Compte Atari rwabo batwiyitirira, akavuga ngo yitwa Ami Pro. Nashaka ndabibeshuze, jewe Facebook yanje ni Heros hamissi, Instagram yanje ni Amipron The Mc. Uwuzobandikira ababesha ko Ari jewe muzovyiyame cane … Jewe nta muntu nandikira Facebook msg, ndagukenye ndakwandikira WhatsApp canke Instagram. Ubu butumwa mubuhanahane kugira ntihagire umuntu asubira kubabeshwa…. Ni jewe Ami Pro.”

Ibi bikaba atari irya mbere bibaye, kuko hari abantu batari bake barimwo n’abategetsi bamaze gukoresherezwa amazina, abantu bakaja kwizeza abandi ibitangaza bakoresheje amazina yabo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775