Burundihomepagekirundiprimusic-burundisociete

Imyaka ibiri ibarenganye ngo ntibazosubira kubakira

Abateshejwe ivyabo n’intambara gushika ubu bataritura umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru ngo bafise ikiringo kitarenga imyaka ibiri co kuwitura nayo kimaze kurenga CNTB ntaco izoba ikibafasha.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka w’2019, umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB Mbonimpa Dieudonné yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero y’ugutanga umuco ku ngingo zimwe zimwe ziri mu gitabu c’amategeko mashasha agenga uwo murwi.

Muri ico kiganiro, Mbonimpa Dieudonné yamenyesheje ko abantu batesheje ivyabo n’intambara ariko batarashobora kwitura umurwi CNTB ko bafise ikiringo co kuwitura kitarenga imyaka ibiri nayo niyamara guhera ngo abazoba bataritura uwo murwi ngo bazoheza babone kwitura amasentare atandukanye.

Mbonimpa Dieudonné  amenyesha ko kugera kuri ino saha, umurwi CNTB avugira umaze kwakira amatati angana n’ibihumbi mirongo itandatu muriyo ibihumbi mirongo itatu na bitanu akaba ngo  yaramaze gutorerwa umuti.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766