BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Bwa bunywero bwanugwanugwa bwasambuwe

Mu gihe imyidogo yari yose hirya no hino ko ikibanza citiriwe Ukwikukira cubatswemwo akabare, igisagara ca Bujumbura kikanahagarika ivyo bikorwa vyari vyatanguye binageze kure, ikinyamakuru kimwe ca hano iwacu cashikirije ivyavuye mu matohoza cakoze.

Ikinyamakuru Ejo canditse ku rubuga rwaco rwa Facebook rukurikiranwa n’abarenga 70,000 ko mu matohoza cakoze, ico kibanza kitari kigenewe ubunywero nk’uko abantu babishikirije hirya no hino.

Ico kinyamakuru kivuga ko ahubwo ngo cari kigenewe ubwiherero bw’abagabo, ubw’abagore eka n’ubwabagendana ubumuga. Ikirengeje ngo n’uko bari bashimye no kwubaka aho abantu bokwugama imvura, mu gihe yoba iguye, eka mbere n’aho abantu bokwicara bafata akayaga.

Ico kinyamakuru kandi kikaba cashikirije ko iyo nyubako yariko irubakwa yari ingabire ifise inyungu rusangi ya rimwe mu mashirahamwe yagira ihabwe igisagara ca Bujumbura, ibikorwa bikaba vyorangiye igenekerezo ya 27/11.

Ubwo bwiherero kandi ngo bwari bwahiswemwo n’igisagara ca Bujumbura ubwaco, kuko ngo cari cahawe amahitamwo mu migambi myinshi yari yerekanywe n’ico kigo gukorera hano iwacu.

Ayo matohoza nyene yerekanye ko ico kibanza gisanzwe kinakira amahayanishwa, igisagara cari casavye ko ibikoresho vyokoreshwa mu kwubaka, hatokoreshwa ibikoresho bigoye kubomora, nk’amatafari na Beton.

Ivyo biri uko mu gihe igisagara ca Bujumbura caheruka guhagarika ivyo bikorwa. Imvo zishikirizwa n’uko bitajanye n’ivyo iryo shirahamwe ryari ryeretse indongozi z’igisagara ca Bujumbura co kimwe n’urwego rujejwe inyubako.

Nk’uko amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’igisagara ca Bujumbura avuga, iyo nyubako ikaba gushika ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri iza yamaze guheza kubomorwa, nk’uko bavyemereye indongozi zari zishikiye muri ico kibanza ngo barabe uko ibikorwa vyo kubomora iyo nyubako biriko biragenda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775