Umumenyereza w’umugwi Magara Young Boys Ismail Nduwantare ariko ahindura vyinshi muwi uwo mugwi .
Ismail Nduwantare yafashe uwo mugwi Magara Young Boys uri mu kibanza ca nyuma n’amanota 4 mu nkino 7 umaze gukina , niko guca awufata awukura mu kibanza canyuma .
Mu nkino 8 amaze kumenyereza uwo mugwi, Ismal Nduwantare amaze gutsindwa urukino rumwe gusa arutsindwa na Athletico New Oil Academy .
Inkino amaze kumenyereza :
– Magara Young Boys 1-1 Aigle Noir Cs
– Magara Young Boys 1-1 Bs Dynamik
– Athletico New Oil 2-1 magara Young Boys
– Magara Young Boys 2-1 Musongati Fc
– Olympic Star 0-2 Magara Young Boys
– Magara Young Boys 2-0 Buja city
– Magara young boys 2-0 Rukinzo Fc
– Magara Young Boys 2-1 Flambeau du Centre
Ismaïl Nduwantare akaba ari umwe mu bamenyereza b’abarundi bafise uburambe mu bijanye no kumenyereza , hampande yivyo asanzwe afise impamyabushobozi iri ku rwerwo rwa CAF A ( Licence A CAF) .
Imigwi amaze kumenyereza ni iyi :
– Prince Louis
– Inter Fc
– Inter Star
– Flambeau du Centre
– Kayanza United
– Delta Star
– Jeunes Athletico
– Aspor du Rwanda
– Gicumbi fc
– As Muhanga
– Mbarara City Uganda
– Magara Young Boys
Mwomenyako Magara Young Boys muri kino gihe ifata ikibanza ca 8 muri Primus League n’amanota 21 mu nkino 15.