abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Bimenyimana Bon Fils Caleb yaraye afashije Kaizer Chiefs gutsinda Golden Arrows

Bimenyimana Bon Fils Caleb n’umugwi wiwe Kaizer Chiefs baraye barangije umwaka w’i 2022 neza .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2022 , aho umugwi Kaizer Chiefs wari wagarutse mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu ca Africa y’epfo ( DSTV PL) ,iryo higanwa ryari ryabandanije ku ndwi igira 14 .

Kaizer Chiefs yari yakiriwe n’umugwi wa Golden Arrows bawutsinda ibitsindo 2 ku 0.

Bimenyimana Bon Fils Caleb vyamufashe iminota 11 gusa kugira yinjirize igitsindo ca mbere Kaizer Chiefs kikaba caciye kiba igitsindo kigira 7 atsinze muri iryo higanwa , yongera kandi atanga umupira wavuyemwo igitsindo ca kabiri.

Mwomenya ko Kaizer Chiefs iri mu kibanza ca 4 n’amanota 24 mw’ihiganwa ryo muri Africa y’epfo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321