Bimenyimana Bon Fils Caleb n’umugwi wiwe Kaizer Chiefs baraye barangije umwaka w’i 2022 neza .
Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2022 , aho umugwi Kaizer Chiefs wari wagarutse mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu ca Africa y’epfo ( DSTV PL) ,iryo higanwa ryari ryabandanije ku ndwi igira 14 .
Kaizer Chiefs yari yakiriwe n’umugwi wa Golden Arrows bawutsinda ibitsindo 2 ku 0.
Bimenyimana Bon Fils Caleb vyamufashe iminota 11 gusa kugira yinjirize igitsindo ca mbere Kaizer Chiefs kikaba caciye kiba igitsindo kigira 7 atsinze muri iryo higanwa , yongera kandi atanga umupira wavuyemwo igitsindo ca kabiri.
Mwomenya ko Kaizer Chiefs iri mu kibanza ca 4 n’amanota 24 mw’ihiganwa ryo muri Africa y’epfo.