EntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Belle Nice wa Kera, Sat-b ngo ntiyomunywerako amazi

Kubwa Sat-b ngo Belle Nice w’ubu ntiyomugurana na Belle Nice wa kera, kuko uw’ubu ari umuruturutu nayo uwa kera ngo ntiyomunywerako amazi.

Ibintu birashushe kuri Facebook z’abanyarusaku bamwe bamwe hano iwacu, ubu uwugezweho ni Belle Nice aho basangije ababakurikirana Foto yiwe ngo atarononekara nkuko Babishikirije.

Abafana batari bake bakaba batangaye kuko bamwe bamwe ryari irya mbere babonye ama Foto ya Belle Nice ya kera.

Mu gihe Belle Nice yashimiye uwo munyarusaku kuko ngo yabonye ko ari umufana wiwe, uwundi we yamubwiye ko atoba umufana wiwe, ahubwo ngo niyibandanirize yiyambarira ubusa gusa.

Sat-b nawe akaba ayavuze ko nawe Umukobwa asa nkuko Belle Nice yasa kw’i foto ngo akaba atomusohokana.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko ubu afise umu Cherie ngo afise ubwiza bw’igitangaza, yandika ngo ni Akazivyura zose. Gusa akaba yarangije iyo Commentaire avuga ngo Imana Ishimwe cane.

Naho yigamvye ko Umukobwa asa uko atomunywerako amazi, Sat-b yabwiwe ko yoshaka yoshira agapira hasi, kuko ngo ataho arashika, bakaba bamubwiye ko aramutse amaze gukomera nka Diamond Platnumz canke Harmonize ngo niho yovuga ko ata wusa nabi yokwikoza.

Muri Commentaire uwo muririmvyikazi Belle Nice abarizwa muri empire Avenue akaba yavuzwe n’abatari bake, aho bamwe bavuze ko yiyononye kuko ico gihe ngo ariho yari mwiza ugereranije n’ubu.

Abandi bakaba bamwise imvugo ikunze gukoreshwa mu gucokozanya, aho bamuhaye akazi k’isadunda, naho nyene ngo zo mu riyigi.

Ivy’izo foto bikaba bije inyuma yaho uwo muririmvyikazi yari agize imisi ariko asangiza abafana amashusho yiwe yambaye bikini, ari hampande y’ikiyaga.

Izo foto zigize imisi zisangizwa abamukurikirana, zikaba ziboneka ko zafashwe n’abo bari basohokanye, kuko harimwo n’ama foto ari mu mazi ariko aratamba.

Zimwe mu ndirimbo yatamvye harimwo Indirimbo Soba ya Treyzo na Rappy Boy, bikaba bishoboka rero ko ari muri ya ntumbero yo gushigikirana.

Mwomenya ko amakuru twaronse tutabashije kumenya igihe iyo Foto yafatiwe, ariko ico twabashije kumenya ni uko ngo ico gihe yagira backing muri imwe mu migwi ikomeye yarimenyekanye yaririmba Reggea yamuka mu ntara ya Gitega.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 793