Amakuru Indundi Sports yakuye kuri bamwe mu bamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Tanzania aremeza ko umurwi Young Africans wamaze kuvavanura n’umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Gael Bigirimana .
Ivyo bikaba bije inyuma y’uko umurwi Young Africans uzaniye umukinyi mushasha yamuka muri Mali yitwa Mamadou Dumbia .
Nimba arivyo koko umurwi Young Africans woba wasezereye uwo mukinyi Gaël Bigirimana uzoca umuriha amafaranga y’amanyamerika angaha n’ibihumbi amajana atatu ( 300,000$) mu marundi ni imiriyoni ijana n’ibihumbi amajana atanu ( 100. 500.000 FB) .
Bikavurwa ko uwo murwi wamaze kubwira Gaël Bigirimana y’uko ayo mahera uzoyamuha mu bice bice ariko uwo mukinyi wewe akavyanka .