abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Umurwi Young Africans wemeye kuriha Gaël Bigirimana umuriyaridi w’amarundi urenga

 

Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Tanzania Mwanaspoti avuga ko umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Gaël Bigirimana yemeye kuzorihwa amafaranga yiwe ibice bice inyuma yaho umurwi young Africans ucuriye kuburi n’’amasezerano yari afitaniye nuwo mukinyi.

Bivanye n’uko umurwi Young Africans wemeye guhagarika amasezerano n’uwo mukinyi vyaciye bibasaba kuriha uyo mukinyi ibihumbi majana atatu vy’amadorari ( 300,000$) mu marundi ni Umuriyaridi urenga .

Gael Bigirimana yari yanse kuva mu gihigu ca Tanzania batayamuhaye yose ariko birangiye bumvikanye ko bazogenda bayamuha mu bice bice .

Mwomenyako Gaël Bigirimana yari afise amasezerano y’imyaka ibiri n’uwo murwi wa Youg Africans wo mu gihugu ca Tanzania .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321