BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Double Jay yoba yaronse VISA?

Mu kwezi kwa 3 kw’uwu mwaka turimwo, umuririmvyi Double Jay ngo azoteramisha ababa mu bufaransa neza neza i Lyon. Iyo niyo nkuru yazindutse ku mbuga ngurikanabumenyi hano iwacu.

Umunezero ni wose naho hari abatanguye gukebura abategura ibiteramo, aho bababwira ko vyiza ari uko abantu basohora ama Cover y’ibiteramo aruko ama Visa yamaze kuboneka.

Iyo nkuru y’igiteramo kizohuriramwo abaririmvyi Double Jay na Bwiza, wa munyarwandakazi bakoranye Indirimbo na Alvin Smith, yaryoheye abatari bake, kuko bavuga ko ari iyindi ntambwe.

Nkuko tabibonye muma Commentaire kuri Facebook y’uwo muririmvyi, abafana bamwipfurije urugendo rwiza, bamusaba ko itike y’indege atoyigurira ahandi ahubwo ateze imbere mugenzi we.

Uwo bamubwira ngo ateze imbere akaba Ari Sat-b, uyu mukibuka ko aheruka kwerekana ko yuguruye ishirahamwe rifasha mu gukatisha amatike y’indege.

Naho bamusavye kumuteza imbere, hari abandi bamuteye amashurwe bavuga ko we atavuga, ariko ngo Sat-b we y’ama mu nduru, ntiyerekane neza umusaruro, ikimenyamenya ngo nuko atanurira indege.

Ico giteramo citezwe igenekerezo rya 11/3, uwo musore akaba atatumiwe n’abarundi, ahubwo yatumiwe n’abanyarwanda bahurikiye muri Company yitwa Kigali Life.

Naho hamaze kumenyesha igihe kizobera, hari abatanguye guhanura ngo ishirwa ahabona ry’iyo Cover y’ico giteramo ribe ribaye aruko ama Visa yabashije kuboneka.

Naho atatomoye, bishoboka ko yariko avuga ico giteramo, kuko vyavuzwe inyuma gato y’uko uwo muririmvyi abishiriye ahabona ko afise igiteramo mu bufaransa. Uwo nawe ntiyari uwundi, ni Boris mucowintore ari mu bategura ibiteramo muri Canada.

Ku batavyibuka abaririmvyi n’abandi banyabuhinga b’abarundi batari bake baramaze kwimwa VISA akatari gake, Kandi bamwe muribo bakaba baba bamaze kuvuga ko bazokwerekeza muri ivyo bice, Aho ni nka Sat-b yavuze muri Afrima Awards co kimwe na Big Fizzo mu Bwongereza.

Iki giteramo kikaba kivuzwe mu gihe hari ikindi citezwe, ico naco kikaba kitavugwa umusi kizobara, ariko kikaba kizobera mu bubirigi, giteguwe na Inanga Event.

Ubu rero tukaba twibaza nimba abo bariko barategura ico gikorwa kizobera mu bufaransa boba basohoye iyo Cover y’ico giteramo aruko hamaze kuboneka izo Visa z’abo baririmvyi canke zitaraboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775