BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Collabo ya Diamond na Alikiba iramota

Kumwe abafana b’abarundi barindiranye igishika cinshi Collabo ya Big Fizzo na Sat-b, ngo niko n’aba Tanzania banyotewe kwumva Collabo ya Alikiba na Diamond Platnumz.

Umwe mu ba manager ba Diamond Platnumz, Mkubwa Fella, ngo imbere yuko asezera isi, muvyo yipfuza nukwumva abaririmvyi Diamond Platnumz na Alikiba baririmbanye.

Naho atavuze ko ico gikorwa kiri mu nzira, canke ko hoba hari ibiganiro bihari biganisha kuri iyo Collabo, ariko yumvikanishije ko ico kintu akinyotewe cane.

Iyo nkuru ikaba yabaye akaranda muri ico gihugu gitwarwa na Mama Samia, kuko ari ikintu ku ruhande rwa benshi kidashoboka.

Igituma batiyumvisha ko bidashoboka, nuko uruhande rwa Alikiba baterekwa uwo muririmvyi Diamond Platnumz, mu gihe kwa Nasibu bo bavuga ko ata kibazo gihari hagati yabo.

Igituma batamwerekwa, Alikiba yigeze gushikiriza ko ari indyarya. Ngo ntashima gukorana nabo, ngo nibagumane ivyabo nawe agumane ivyiwe.

Ico bapfuye vyukuri ntaco turabasha kumenyekana, ariko bikavugwa ko Diamond Platnumz yoba yarigeze kumunyanganya ibintu bituma badasubira kubona kumwe ibintu.

Muri Wasafi Festival, Diamond Platnumz yarigeze gushikiriza ko na Alikiba azoba ari mu batumire, uwo muririmvyi Alikiba yavyamiriye kure. Ico gihe akaba yavuga ko buri umwe azokora ivyiwe.

Uwundi mu Manager wa Diamond Platnumz ariwe Sallam SK, akaba yarigeze kubazwa kuri Beef ya Diamond Platnumz na Alikiba, akaba yashikirije ko bo badaherekeza uwugiyr gutunga, ahubwo ngo barajana. Ico gihe yashikirije ko iyo Beef yabo uko Ari 2, ngo ku ruhande rwabo irabinjiriza agafaranga, ngo ntazi ku ruhande rwa Alikiba nimba hari ico ibafasha.

Ivyo bishikirijwe mu gihe abo baririmvyi baheruka guhurira mu giteramo kimwe Aho bose bari batumiwe mw’ishirwa ahabona rya Album nshasha y’umwe mu baririmvyi bo muri Tanzania yabaye muri ino week end.

Alikiba akaba adacisha mu kanwa uwo muririmvyi wa yatakwisha, ariko Diamond Platnumz we akaba uko aronse akaryo atarareka kumuvuga, Kandi buri gihe iyo amuvuzeko, Ica iba inkuru y’ukwezi, kuko baca batihanahana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775