Burundikirundikirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Stade Huye yo mu Rwanda yankiwe na CAF kwakira inkino mpuzamakungu kandi yari yasubiwemwo

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF , ryaraye rikuye ikibuga Huye co mu Rwanda mu bibuga vyemerewe kwakira inkino mpuzamakungu hamwe n’ikibuga ca Martyrs yo muri RDC .

 

Ivyo bikaba bibaye mugihe Urwanda rwariko rwitegurira kwakira igihugu ca Benin kuri ico kibuga ca Huye mu nkino z’umusi wa gatatu zo kurondera itike ryo kwitabira igikombe c’Africa ( CAN) .

Ikibuga Huye kikaba cankiwe kutakira inkino Mpuzamakungu mugihe cari casubiwemwo mbere gitwara n’imiriyaridi zishika kwi 9 z’amafaranga y’amanyarwanda . Ubwoba ni bwinshi ku bakunzi b’umupira w’amaguru wa hano iwacu kuko babona ko naho ikibuga Intwari kiriko gisubirwamwo naco nyene gishobora kwankirwa na CAF .

CAF ikaba yaciye isaba ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ( FERWAFA) kurondera ikindi kibuga bazokinirako .

Ibihugu CAF yashize ahabona mu kuvuga ko ibibuga vyavyo bidakwije ivyangombwa :

1) RD Congo
2) Guinée
3) Burkina Faso
4) Gambie
5) Guinée Bissau
6) Cap Vert
7) Niger
8) Centrafrique
9) Rwanda
10) Burundi
11) Liberia
12) Bostwana
13) Ethiopie
14) Eswatini
15) Lesotho
16) Mozambique
17) Namibie
18) Sao – Tomé
19) Sierra Leone
20) Soudan
21 Soudan du Sud
22) Ouganda
23) Simbabwe ( non angagé)
24) Kenya ( non Angagé)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 701