Entertainmenthomepagekirundi

Vichou love imeza 5 zaramaze kurihwa k’ 1.000.000Fbu imwimwe, hasigaye imeza 20

Nzigamasabo Vianey azwi kw’izina rya Vichou Love abarizwa muri the Fighter production yari yahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru mu kubamenyesha igiteramo ciwe agiye gukora c’imboneka rimwe.

 

Twari tumaze kubamenyesha ivyerekeye One Man, One show, One million, ariko igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2023 niho yabisiguye neza avuga ko kizoba ari igiteramo gitegekanijwe igenekerezo rya 16 Ruheshi 2023 kuri La Pirogue, ukwinjira ikazoba ari umuriyoni kumeza yabantu 5 akazoba ari vichou love na Band yiwe gusa bazobateramisha

Igituma yatoye iryo genekerezo nuko ari umusi yavukiyeko kakazoba nakaryo kogushira ahabona album yiwe igira 3 kuva atanguye gukora nka Vichou love ikazoba yitwa “Ikete” nayo kuriha ngo nikare kuko yateguye imeza 20 zitanu bakaba baramaze kuzitora

Icabasaba n’ukudasiba muze mwumvirize ku ncuro yambere indirimbo zigize album “ikete”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769