homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports| Handball: Brother’s na Sister’s nizo zaraye zitwaye ibikombe vy’ihiganwa ry’igihugu

 

Ihiganwa rya Handball ku rwerwo rw’igihugu ryaraye risozerewe .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2023 ku kibuga ca Cecinga mu Ngagara aho hasozerwa ihiganwa rya Handball ry’umwaka wa 2021-2022 ku rwerwo rw’igihugu mu bahungu no mu bakobwa .

Urukino rwanyuma ku bahungu rwahuje umurwi wa Brother’s hamwe na Intwari , aho vyarangiye Brother’s itsinze Intwari ku manota 42 kuri 35, mugihe mu bakobwa umurwi wa Sister’s ariwo watahukanye igikombe utsinze Rumuri ku manota 23 kuri 8.

Mu bana bakiri bato naho , Avenir Cadet watsinze Intwari Cadet ku manota 25 kuri 24.

Nikobamye Dauphin arongoye ishirahamwe rya Handball mu Burundi yavuze ko banezerejwe cane n’ingene ihiganwa ryashoboye kurangira neza.

Uku niko imirwi yarushanije n’ubusumbasubane bw’ubushimwe.

– Umurwi wafashe ikibanza ca mbere muri Cadet ni Avenir Cadet nawe waronkejwe ibihumbi amajana atanu ( 500,000Fb ), uhabwa igikombe hamwe n’imipira ibiri .

– uwafashe ikibanza ca kabiri ariwe Intwari Cadet , wahawe ibihumbi amajana abiri ( 250, 000Fb ) uhabwa n’umupira umwe .

– ikibanza ca gatatu n’ica kane muri Cadet bose baronkejwe umupira umwe umwe .

Mu bakunze naho :

– ikibanza ca mbere mu bahungu naho ni Umurwi wa Brother’s aho wahawe umuriyoni ( 1.000.000 Fb) uhabwa igikombe hamwe n’imipira ibiri .

– Ikibanza ca kabiri catahukanye na Intérieur naho waronkejwe ibihumbi amajana atanu ( 500,000 Fb) , uronswa n’imipira ibiri hamwe n’uwundi mupira umwe .

– Abafashe ibibanza vya 3 nivya 4 nabo bahawe umupira umwe umwe

 

Mwomenya ko iyo mirwi yabaye iya mbere izoserukira igihigu mu nkino z’imirwi iba yabaye iya mbere mu bihugu vyabo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822