Nkurunziza Yannick batazira Mkude yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Turquie witwa Antalyaspor.
Uwo mukinyi yari ameze amezi ari mw’igeragezwa muri uwo murwi , bikaba vyarangiye ashize umukono ku masezerano yo gukinira Antalyaspor mu kiringo c’imyaka 4 ni ukuvuga gushika mu mwaka wa 2027.
Yannick akaba ahambije abandi bakinyi bakinanye muri Aigle Noir Cs nka Irakoze Piclaire hamwe Nshimirimana Jospin .
Mwomenyako uwo mukinyi akina hagati mu kibuga cane cane ku numero 6.


















