Entertainmenthomepagekirundi

Iboneka rya Double Jay mu Bufaransa n’Imana gusa

Imisi isigaye ngo igiteramo cari catumiwemwo Double Jay mu Bufaransa kibe iharurwa ku ntoke, ariko uwo muririmvyi ntarahonyoza ikirenge Ku mugabane wa buraya, Kandi ngo atari Imana ibikoze ntazoshobora kuboneka mu giteramo bari bateguriwe na Bwiza we vyamaze kumenyekana ko yabuze VISA.

 

Icizere abafana ba Double Jay bo mu gihugu c’Ubufaransa neza neza mu gisagara ca Lyon bari bafise co guteramishwa nawe ngo boshaka bashire hasi.
Iyo nkuru y’incamugongo twayihawe n’umwe mu barabire hafi itegurwa ry’ibiteramo vy’abarundi n’abanyarwanda vyo ku mugabane wa buraya. Uwo yatubwiye ko uwo muririmvyi ataco aravuga ku kijanye n’ironka rya VISA, imuha uburenganzira bwo Kuja Kuri uwo mugabane.
Ivyo vyari bivuye ku masanamu y’ishika rya Dj Pius na Kenny Sol mu gihugu c’Ububirigi ku musi wa gatanu aho bari bafise igiteramo Kuri uwu wa 6 igenekerezo rya 4/3. Ico giteramo cari canatumiwemwo Bwiza, ariko Kandi yari no mu bariko bategurirwa igiteramo mu Bufaransa i Lyon bohuriyemwo Double Jay.
Iyo nkuru y’incamugongo rero ikaba yabonetse ngo kuko iryo genekerezo rya 3/3 ariryo nyene ryategerezwa kubonekako uwo muririmvyi muri ico gihugu.
Ubu rero tukaba tutazi uko bizoca bigenda, kuko abo baririmvyi 2 bari bateguriwe ico giteramo mu gihugi c’ubufaransa, bose batabashije kuronka ama VISA, Kandi impande zose ataco barabasha gushikiriza Kuri ico giteramo.
Naho biruko hakaba hakiri abandi baririmvyi bakirindiriwe, aho ni nka Kidum arindiriwe mu ntango z’ukwezi Kwa 5, nayo Drama t akaba azoba ari mu mpera z’ukwezi Kwa 5, i Buruseri nyene. Muri ico gisagara Nyene na Kigingi aritezwe mu ntango z’ukwezi Kwa 4, aho azohimbazanya nabo Pasika.
Hampande y’abo hari na Alvin Smith na Mow Kanzie n’abo nyene bari bavuze ko bariko bategurirwa igiteramo muri ico gisagara,ariko bakaba batamenyesha umusi w’igiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769