Entertainmenthomepagekirundi

Uburirimvyi ngo n’urudandazwa rwogushiramwo amafaranga.

Ibiheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu ko abaririmvyi bashobora n’abo babishatse Kugenda bakabagurana amafaranga bagashira mu muziki, bigeretsweko, akarorero katanzwe ni Drama t amaze gutangura kwinjiza ayarenga imiliyoni 10, ayakuye Kuri YouTube ku ndirimbo 1 gusa.

 

Ku mafaranga ari musi y’imiliyoni 6 z’amafaranga ya hano iwacu, ngo bwa bundi urashobora gukora nk’ivyo umuririmvyi Drama T amaze imisi akora mu ndirimbo yiwe nka Madam imaze gukwiza Views zirenga Imiliyoni 4 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.
Naho mu myaka iheze kuririmba vyavugwa kugira ingabire, uno musi kuririmba birabwamwo ubwa mbere kwinjiza amafaranga, ivyo navyo bikaba biva mu kumenyekana.
Simbizi wa Semavumba, akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, yerekanye uburyo umuririmvyi ashobora kwinjiza amafaranga angana n’imiliyoni 10 ku ndirimbo 1 gusa, aho ni mu gihe ngo udashizemwo ibiteramo ushobora kuronka kubera iyo ndirimbo yakuzwe cane.
Uwo Mugabo akunda gukebura abaririmvyi batari bake, ariko Kandi muri ino misi asigaye ari Manager w’umuririmvyi yavuze ko gukora amasanamu meza ka John Elarts zri amafaranga 3,500,000, nayo gukora Audio Kwa Joel ngo ni 350,000.
Kuri ayo mafaranga, uwo Mugabo yongeyeko ayangana n’2,000,000 ngo zo kumenyekanisha iyo ndirimbo, gutyo ngo nta kubiza, iyo Ndirimbo abantu batayikunze.
Muri ubwo butumwa nyene, Simbizi yibukije abantu ko Indirimbo 1 gusa, iyo nayo ni Madam ya Drama t ngo imaze kwinjiza ama Dollar ya Amerika 3000, arenga gato Imiliyoni 10 z’amarundi.
Muri ubwo butumwa, Simbizi yibukije abamukurikirana ko umaze kwubaka izina, ibanke iyariyo yose worengukamwo bashobora kuguha ingurane ngo ushire amafaranga mu bikorwa vyunguka.
Mu babashije kugira ico bashikiriza, abatari bake ntibatahura uko umuntu ashobora gushira amafaranga angana uko mu muziki.
Abandi babajije uburyo baca bogarura ayo bashizemwo, ayo bokwunguka uko angana, n’igihe vyofata.
Ariko hari n’abandi bamufashe mu mugongo mu kwemeza ko uwushizemwo ayo mafaranga adashobora kureka kuyagarura.
Iki kikaba kije gihamvya ibiheruka gushikirizwa na N’umukuru w’igihugu cacu ko abaririmvyi bari bakwiye kumenya gucisha amafaranga muri banki, kugira babashe kuzoronka uburyo bwo gusaba ingurane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769