abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Umurwi Remesha BBC ubaye umurwi wa mbere utanze ubwinshingizi ( Assurance ) ku bakinyi babo

Umurwi wa Basketball Remesha ubandanya werekana ko ufise ihangiro rikomeye cane muri uno mwaka wa 2023.

Uwo murwi ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2023 , waratunganije ihuriro rya bose ( Ansemblée Général) , hamwe no kwifurizanya umwaka mushasha n’abakinyi .

Muvyashikirijwe mu birori vyo guhimbaza uwo mwaka mushasha harimwo gutanga ubwishingizi (Assurance ) ku bakinyi bose b’uwo murwi mu kiringo c’umwaka .

Bisigura ko umukinyi wese wa Remesha BBC muri uno mwaka azovurwa n’uwo murwi .

Umurwi Remesha BBC ukaba waciye uba umurwi wa mbere ushira ku mugaragaro ko ibijanye no kuvuza abakinyi bawo, ibitarakorwa n’uwundi murwi hano iwacu .

Mwomenya ko uwo murwi muri uno mwaka ufise ihangiro ryo gutwara ibikombe vyose bizobera kubutaka bw’uburundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301